Howe na Nagelsmann kw’isonga ry’abashobora kugomwa na Manchester United hamwe Carrick yokwirukanwa
Eddie Howe na Julian Nagelsmann ni bo bariko baraja imbere mu mazina y’abafise amahirwe menshi yo kumenyereza umurwi Manchester United, hamwe Michael Carrick yokurwa muri ayo mabanga.
Ikibanza ca Carrick ku kibuga ca Old Trafford kiri mu kaga gakomeye, inyuma y’uko Manchester United itanguriye nabi inkino z’ihiganwa ry’uno mwaka. Bivugwa ko uwo murwi uza waratanguye kurondera uwomusubirira.
Amakuru avuga ko Howe na Nagelsmann bari mu bamenyereza bashirwa imbere ku rutonde rw’abariko barasuzumwa kugira ngo bashobore gusubirira Carrick. Abo bamenyereza bompi ngo barazi kandi ko Manchester United ibagomwa.
Hari kandi amakuru avuga ko Unai Emery, umumenyereza wa Aston Villa, ashigikiwe cane muri Manchester United. Ariko kuba agifitaniye amasezerano na Aston Villa bishobora gutuma kumwegera bitoroha.
Uretse Howe na Nagelsman, uwundi yipfuza ako kazi ni Antonio Conte. Bose ukwo ari batatu, nta mirwi basanzwe bafise bamenyereza muri iki gihe. Ivyo bituma kubaronka bishobora kworoha.
Hamwe Carrick yokwirukanwa, Manchester United, imaze gutwara igikombe c’ihiganwa rikuru ry’Ubwongereza incuro 20, izoba iriko irondera umumenyereza mukuru agira umunani kuva Sir Alex Ferguson ayivuyemwo mu 2013.
Inzindi nkuru wosoma: