Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubudagi 'burageramiwe n'ibitero vya maneko' vy'Uburusiya, bivugwa n'umukuru wa reta Mertz
- Umwanditsi, Matt Spivey
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Ubudagi burageramiwe cane n'ibikorwa vya maneko , nk'uko umukuru wa reta (Chancelier) w'iki gihugu, Friedrich Merz, yabivuze inyuma y'ifatwa ry'Umunya-Ukraine akekwa gukorera igendereza ry'Uburusiya.
Abategetsi bavuze ko uwo muntu, yamenyekanye ku mazina ya Vadym Y., yiketswe ko yegeranije amakuru yerekeye igisirikare c'Ubudagi.
Merz yavuze ko gushobora gutora uyo muntu yabaye "intsinzi", ariko agabisha ati: "Ntitwihende, ibikorwa vya maneko vy'Uburusiya mu Budagi biri ku rugero rwo hejuru kandi birakomeye cane."
Muri uyu mwaka, abantu benshi bakekwa gukorera Uburusiya n'ibindi bihugu mu bikorwa vya maneko barafatiwe mu Budagi. Kuva Uburusiya butanguye intambara yeruye kuri Ukraine mu 2022, Ubudagi bwabaye kimwe mu bihugu vy'i Buraya bitanga ibirwanisho vyinshi cane bifasha Ukraine.
Ibiro vy'umushikirizamanza mukuru w'igihugu vy'Ubudagi vyatangaje ku wa kane ko Vadym Y., izina atari ryo yahawe hakurikijwe amategeko y'Ubudagi yerekeye gukingira ubuzima bw'umuntu ku giti ciwe, yari amaze kuvugana n'urwego rw'iperereza rw'Uburusiya biciye ku muntu amuhuza kuva n'imiburiburi muri Mukakaro (7) 2025.
Vyavuze kandi ko uwo Munya-Ukraine yegeranya amakuru yerekeye "ihingurwa ry'imodoka z'intambara zitamenwa n'amasasu asanzwe, amasasu hamwe n'ibiturika".
Yategerezwa kurengutswa imbere y'ubutungane ejo ku wa gatanu.
Muri Nzero (1), umugore umwe yarafatiwe i Berlin yikekwa kwegeraniriza amakuru umukozi w'igendereza yakorera ku buserukizi bw'Uburusiya.
Mu bandi bafashwe muri uyu mwaka harimwo umugore w'Umunya-Romania hamwe n'umugabo w'Umunya-Ukraine, bagirizwa gukurikirana no kegeranya amakuru ku muntu yarungika indege zitajamwo abadereva (drone) zava mu Budagi zija muri Ukraine, nk'uko ibi biro vy'umushikirizamanza mukuru vyabivuze.
Muri uku kwezi nyene, uwahoze arongoye urwego rw'igendereza ry'Ubudagi, August Hanning, yarafashwe yiketwa ko gukora nka maneko, ubugumutsi no kwegeranya amakuru y'ibanga ku bw'igihugu c'amahanga.
Abajewe amatohoza ntibaramenyesha ivyo bihugu vy'amahanga vyoba bifise uruhara muri ico kibazo.
Hanning yarongoye urwego rw'igendereza rw'Ubudagi (BND) hagati ya 1998 na 2005, kuva ico gihe akaba akora nk'umuhinga yigenga.
Abapolisi barahagaritse kandi kandi uwahora akorera BND, Manfred D., bamwagiriza guha Hanning inyandiko zirenga 2.000 z'ibanga na we agahembwa amafaranga.
Merz yabwiye abari bitavye inama yabereye muri Montenegro ku wa kane ati: "Birashoboka ko mu mezi no mu myaka iri imbere tuzobona izindi dosiye nyinshi nk'izi."
Mu ntango z'uku kwezi, Merz yarasubiyemwo amasezerano y'ugufashanya mu vy'umutekano no kwivuna abansi yagiranye n'Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Andy Burnham, harimwo no guhangana n'ibitero vy'uruvangatirane hamwe n'ibikorwa vy'ubugome bikorwa n'ibihugu vy'amahanga.
Ibiganiro vy'abo bategetsi babiri vyabaye inyuma y'aho Ubudagi bwagirije Uburusiya ko ari bwo ari nyene drone yari yikoreye ibiturika ku kibuga c'indege ca Leipzig/Halle muri Nyakanga (9).
Ariko Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yaramiriye kure ivyo birego, avuga ko Ubudagi bwarementanije ibimenyetso kugira bushobore gushira Uburusiya mu caha.