Perezida wa Zambiya yarahiriye ikiringo ca kabiri, mu gihe uwo bari bahanganye afunzwe

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Perezida wa Zambiya, Hakainde Hichilema, yarahiriye gutwara ikiringo ciwe ca kabiri c'imyaka itanu, inyuma y'amatora atavuzweko rumwe hamwe n'ifatwa ry'uwo bari bahanganye cane, yagirizwa icaha co guhemukira igihugu.

Hichilema, ashimirwa kuba yarafashije mu gusubiza ku murongo ubutunzi bw'igihugu, yatsinze amatora yo ku wa 13 ukweizi kwa Myandagaro(8) n'amajwi 60%, nk'uko ivyavuye mu matora bibigaragaza.

Brian Mundubile yabaye uwa kabiri n'amajwi 38%, ariko avuga ko ivyavuye muri ayo matora vyahindaguwe.

Mundubile ntiyashoboye kwitwara muri sentare ngo ahakane ivyavuye mu matora, kuko sentare zari zugaye mu ndwi iheze, ku musi wa nyuma wari wagenywe wo gutanga ikirego.

Indorerezi z'amatora zavuze ko n'aho umusi w'amatora muri rusangi wagenze neza, hari bamwe bibajije ibibazo ku kuntu amajwi yaharuwe yongera arateranywa.

Indorerezi z'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Buraya, zavuze ko mu bibanza vyinshi vyo guharura amajwi, abakozi batandika ivyavuye mu matora ku mpapuro zabigenewe ubwo nyene bikimara gutangazwa. Zavuze kandi ko habaye intege nke mu kugenzura ko ivyinjijwe mu buhinga bwa none bihuye n'ivyanditswe ku mpapuro.

Ubumwe bwa Buraya bwongeyeko ko abajejwe gutangaza ivyavuye mu matora kenshi bahagarika ico gikorwa mu kurindira amabwirizwa avuye ku cicaro gikuru.

Bukeye amatora yaraye abaye, inzego z'umutekano zarateye ahantu mu murwa mukuru Lusaka hafitaniye isano na Mundubile. Muri ico gikorwa, uwahoze ari umushikiranganji yarishwe, abandi banyepolitike batavuga rumwe n'ubutegetsi barafatwa.

Abategetsi bagirije abatavuga rumwe n'ubutegetsi ko bariko bategura umugambi wo gutembagaza ubutegetsi bakoresheje ibirwanisho, ivyo na bo bahakanye.

Mundubile hamwe n'uwo bari basangiye kwitoza, Makebi Zulu, bari binyegeje. Bafashwe n'igipolisi mu ndwi iheze, maze mu mpera z'indwi baragirizwa ivyaha.

Igihe Hichilema, afise imyaka 64, yaja ku butegetsi mu 2021 inyuma yo gutsinda amatora ku majwi menshi, Zambiya yari iherutse kunanirwa kuriha amadeni yayo yo mu mahanga, kandi igipimo c'iduga ry'ibiciro ku mwaka cari kirenga 24%.

Hichilema yabwiye BBC i Lusaka imbere y'amatora ati: "Twaronse igihugu cari carasambutse… ubutunzi bwariko burasubira inyuma."

Uwo yahoze ari umudandaza yarumvikanye ku buryo bwo gusubiramwo uburyo bwo kuriha amadeni y'igihugu, yongera arasubizaho imigenderanire n'abaguranye Zambiya bo mu mahanga. Igipimo c'iduga ry'ibiciro na co caragabanutse, ariko ibiciro birabandanya kuduga kandi abantu benshi baracafise ingorane zo guhangana n'ubuzima buzimvye.

Hichilema ubu avuga ko ashaka kubandanya yubakira ku mushinge avuga ko yashizeho mu myaka itanu iheze.

Yarahiye kuri uyu wa kabiri ngo abandanye kurongora igihugu, mu birori vyaranzwe n'umunezero mwinshi, aho ibihumbi vy'abamushigikiye bari bahakoraniye kugira bahimbaze irahira ryiwe.

Abakuru b'ibihugu vya Kenya, Botswana, Zimbabwe, Namibia na Tanzaniya bari mu bategetsi batari bake bo muri Afrika bitavye ivyo ibirori vyabareye ku kibuga c'umupira "National Heroes Stadium" ku murwa mukuru Lusaka.

Hichilema yarahiye ari kumwe na Mutale Nalumango, uwo bari basangiye kwitoza.