Zambia : Umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi yagirijwe icaha c'ubuhemu

    • Umwanditsi, Wedaeli Chibelushi
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi muri Zambia, Brian Mundubile, yagirijwe icaha co guhemukira igihugu, nk'uko umushingwamanza wiwe yabivuze, mu gihe amatati ya politike muri ico gihugu ariko arakomera.

Mundubile yatawe muri yompi ku wa kane, inyuma y'igikorwa c'abategetsi co gukoresha inguvu cahitanye abantu, cari catumye uwo munyapolitike aja mu kinyegero.

Yari yiyamirije ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu aheruka kuba muri ico gihugu, aho Perezida Hakainde Hichilema yatsindiye ikiringo ca kabiri.

Abategetsi bari bagirije umugambwe wa Mundubile, NRPUP, gutegura imigumuko yitwaje ibirwanisho, ariko uwo mugambwe warabihakanye.

Ku mugoroba wo ku wa gatandatu, umushingwamanza wa Mundubile, Milner Katolo, yatangaje ko uwo aburanira yagirijwe icaha co guhemukira igihugu. Katolo yabwiye ikinyamakuru Zambian Eye ko uwo mukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi yiteguriye kwisigura ku vyo yagirizwa imbere y'ubutungane.

Umushingwamanza yavuze ko hari n'abandi bantu 17 bagirijwe ico caha nyene, harimwo Makebi Zulu, yari icegera ca Mundubile mu matora.

Ibiharuro vyatangajwe vyerekana ko Mundubile yaronse 38% vy'amajwi mu matora yabaye ku wa 13 Myandagaro (8), mu gihe Hichilema yaronse 60%.

Ku musi wakurikiye amatora, inzego z'umutekano zaciye zija gusaka inyubakwa iri ku murwa mukuru Lusaka, ifitaniye isano na Mundubile. Muri ico gikorwa, uwahoze ari umushikiranganji yarishwe, abandi banyapolitike batari bake barafatwa.

Inyuma y'ico gikorwa, Mundubile na Zulu bahungiye mu nyubakwa ya ONU iri kuri uwo murwa mukuru. Bompi bahavuye batabwa muri yompi, inyuma y'uko Perezida asavye ONU kubashikiriza abategetsi ba Zambia.

Abatavuga rumwe na reta ntibashoboye gutanga ikirego mu butungane co kwiyamiriza ivyavuye mu matora, kuko ku wa mbere, ari wo wari umusi wa nyuma wo kugitanga, abategetsi bari bugaye inzego z'ubutungane zijejwe kwakira mwene ivyo birego.

Bitegekanijwe ko Hichilema arahira ku wa 1 Nyakanga(9), kugira atangure ikiringo ciwe ca kabiri.

Abagenzura amatora bo mu karere no ku rwego mpuzamakungu bavuze ko umusi w'amatora waranzwe ahanini n'amahoro. Umurwi wa Zambia ujejwe agateka ka zina muntu wasavye ko hagira igikozwe hongere hatangwe insiguro ku bantu batazwi iyo bari, inyuma yo gutabwa muri yompi hamwe n'inyuma y'ibikorwa vy'inzego z'umutekano vyabaye mu gihe c'amatora.