Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abepiskopi ba Ekleziya Katolika basavye imbabazi kubera inama bagiranye na Trump 'yakoreshejwe nabi'
- Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru ari muri White House
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Abepiskopi babiri ba Ekleziya Katolika muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bavuga ko bicuza kuba barahuye na Perezida Donald Trump muri White House (ikirimba c'umukuru w'igihugu wa Amerika), inyuma y'uko hasohowe amashusho abagaragaza bariko barasenga bari kumwe na we, bigatuma abatari bake bibaza nimba bariko bashikiriza ubutumwa bwa politike.
Amafoto n'amavidewo vy'iyo nama yabaye ku wa 22 Gitugutu (10) vyerekana umurwi w'abepiskopi bahagaze bakikuje Trump ku meza yitwa 'Resolute Desk' arangurirako imirimo mu cumba ca Oval Office co mu biro vyiwe vya White House.
Musenyeri mukuru wa Milwaukee, Jeffrey Grob, umwe mu bafotowe, yavuze ko yibaza ko yari inama yabo bonyene katari "akaryo ko gufata amafoto y'imvo za politike".
Trump n'umwungere wa Ekleziya Papa Léon wa XIV bafitaniye imigenderanire irangwa n'ukutumvikana. Kandi hari abepiskopi bamwe bo muri Amerika baneguye politike ya White House yerekeye abimukira. Ubushakashatsi bwakozwe n'ikigo Pew Research Center – cegeranya ivyiyumviro mu banyagihugu muri Amerika – bwerekanye ko mu matora yo mu 2024, Trump yashigikiwe n'ibice 55% vy'abakirusu b'abakatolika batoye.
Mw'itangazo yashize ku mbuga ngurukanabumenyi, Musenyeri William Joensen wo mu gisagara ca Des Moines, muri reta ya Iowa, yavuze ko iyo nama yari yatunganijwe n'abakozi bo muri White House bajejwe ivy'amadini kugira ngo haganirwe ku bibazo bitandukanye harimwo ivyerekeye abimukira, ama viza y'abakuru b'amadini bava mu makungu, hamwe n'ibijanye no "kurya imitsi abantu bakenye kandi b'intege nke".
Joensen yagize ati: "Ukwitaba [iyo nama] kwacu ntikwigeze kuba ukwo gushigikira umugambwe uwo ari wo wose canke umukandida uwo ari we wese."
Yongeyeko ati: "Vyari kumbera vyiza iyo mba uwiyubara kandi adapfa ivyo yizeye mu buryo bworoshe nk'abo bakoresheje iyo nama yacu ku mvo za politike."
Ividewo y'iyo nama yasohowe na Margo Martin, umuhanuzi mwishikira yihariye wa Perezida akaba n'umujenama wiwe mu bijanye n'itumatumanako, akunze gushira ku mbuga ngurukanabumenyi amafoto n'amavidewo vyerekana ibintu biba vyabaye hambavu canke ku ruhande rw'ibikorwa vya Trump.
Musenyeri mukuru Grob yavuze ko inyuma y'iminota 90 y'ibiganiro n'abakozi ba White House, abarongozi b'amadini baciye bajanwa muri Oval Office kugira ngo basengane na Trump.
Grob yemeza ko amafoto y'iyo nama yasohowe mu nyuma yateye impungenge bamwe mu bakirisu arongoye.
Yanditse ati: "Bidatevye naciye ntangura kuronka ubutumwa bw'abantu bagaragaza impungenge zikomeye ko nshobora kuba naragize uruhara, ntabizi, mu gikorwa ca politike hasigaye indwi zidashika zibiri ngo habe amatora yo ku rwego rw'igihugu."
"Nararonse kandi ubutumwa bw'abantu bumvise bababaye kubera ingene bo canke imiryango yabo bagizweko ingaruka n'ingingo za Perezida."
Grob yavuze ko ata n'umwe mu bari muri iyo nama yari yatanze uruhusha rwo gushira ku mugaragaro canke gukwiragiza amashusho n'amafoto vy'ico gikorwa.
BBC irondeye White House kugira igire ico ishikirije, ntiyishuye mu buryo butaziguye ibibazo bijanye n'iyo nama canke amajambo abo bepiskopi babiri bashikirije.
Mw'itangazo yasohoye, umuvugizi wa White House, Taylor Rogers, yavuze ati: "Nta wundi muperezida yabaye mwiza ku Banyamerika b'abakatolika nka Trump, kandi ivyo yaranguye biravyemeza."
Nk'uko bishikirizwa n'ikigo Pew Research Center, uko Abanyamerika bashima ivyaranguwe na Trump kwaragabanutse mu mirwi yose minini minini y'amadini.
Mu bushakashatsi bwakozwe n'ico kigo muri uku kwezi, ibice 30% vy'Abanyamerika b'abakatolika ni bo bavuze ko bashima ibikorwa vya Trump, mu gihe bari ku bice 47% yasubira muri White House mu 2025.
Ivyo bishobora kugira ico bihinduye mu matora yo ku wa 3 Munyonyo (11) azoba abaye hagati mu kiringo. Ayo matora ni yo azotuma hamenyakana umugambwe ugenzura inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika.
Mu bakatolika babajijwe muri ubwo bushakashatsi, 42% bavuze ko bashigikiye abakandida b'Aba Démocrates bo muri reta zabo, mu gihe 39% bashigikiye abakandida b'Aba Républicains.
Mu kiringo ciwe ca kabiri ku butegetsi, Trump yagiranye imigenderanire irimwo umwuka mubi n'umwungere wa Ekleziya Katolika, Papa Léon, kubera ingingo zikomeye yafashe zo kwirukana abantu vyibazwa ko bari muri Amerika mu buryo butemewe n'amategeko.