Ibintu 10 bishobora kugufasha kuba umutunzi

Amaboko abiri afashe inoti z’amahera y'amadorari.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 5

Jeff Bezos ari mu bantu batunze cane kw'isi, ubutunzi bwiwe bukaba bugereranywa hagati y'imiriyaridi 269 na 290 z'amadolari y'abanyamerika. Arongoye Amazon, rimwe mu mashirahamwe yateye imbere cane kw'isi, akaba kandi ari umwe muri ba nyene ryo. Ntikwoba ari ugukavya kuvuga ko iri shirahamwe ry'ubuhinga bwa none ritari gushika ku rugero rigezeko iyo hataba utwigoro dukomeye twa Jeff Bezos.

Umumenyeshamakuru David Baker, uwatanguje ikiganiro citwa « Inside the Mind of Jeff Bezos », yavuze ati: « Guhindura iri shirahamwe, ryatanguye ari iduka ryo kuri internet ridandaza ibitabu gusa, rikaba iduka ridandaza ubwoko bwose bw'ibintu kandi ritanga n'ubundi buryo bwinshi bwo gufasha abantu, vyasavye ubwenge bwinshi, kwemera gufata ingingo zirimwo ingorane, gutegekanya neza no kuzana ivyiyumviro bishasha. »

Ivyiyumviro vya Jeff Bezos ntivyagarukira gusa ku bijanye no kwiyungunganya, ariko vyari bishingiye no ku ngingo ngenderwako yahaye agaciro kanini.

Ariko ikibazo ni iki: Bezos yashoboye gute gushikana iryo shirahamwe kuri uru rugero?

Ng'ibi ibintu 10 vyafashije Jeff Bezos, nyene Amazon, gushika ku ntsinzi.

Jeff Bezos yambaye agapira k’ubururu kandi araba imbere

Ahavuye isanamu, Getty Images

1. Ingorane yose irashobora gutorerwa umuti iyo umuntu ayiyumviriyeko neza kandi akiyumvira bishasha

Kuva akiri muto, Bezos yaremera cane ubushobozi bwo guhingura ibintu bishasha.

Mu biruhuko vyo mu ci, yaramara igihe ari kumwe na sekuru wiwe, yaba mu gisagara gitoyi co muri Texas. Muri ico gihe, Bezos yarakora akongera agasanura ibintu bitandukanye, ivyasaba ubumenyi mu vy'ubukanishi hamwe n'ubuhinga bwo kwiyumvira no guhingura ibintu bishasha.

Igihe kimwe, sekuru wiwe yarungutse amahera menshi biciye mu guhingura ibikoresho vya kijambere. Ivyo vyabaye inyuma y'aho isanganya ry'umuduga ritumye atakaza urutoke rwiwe rw'urukumu. Yarabazwe, maze hakoreshejwe ubuhinga bwa kijambere bamushirako urukumu rw'urukorano.

Iyo ni inkuru Bezos akibandanya kubwira abantu gushika n'ubu.

2. Umukiriya yama ari mu kuri.

Tom Alberg, yahoze ari umwe mu bayobozi ba Amazon, yavuze ko Bezos « asanzwe afise ubuhinga budasanzwe bwo kumenya gufata neza abakiriya ».

Yongeyeko ati: « Ashaka guhindura isi, kandi ico yitwararika cane ni ugushimisha abakiriya biwe. Iyo ufise amahera, urashobora gukora ibintu vyinshi. »

3. Kwigira ku vya kahise, hanyuma ukabandanya utera imbere.

Sunil Gupta, umwigisha w'ivy'ubutunzi muri Kaminuza ya Harvard, yavuze ko uburyo Amazon ikoresha mu kuzana ibintu bishasha ari uguhingura ibicuruzwa n'uburyo bushasha bwo gufasha abakiriya, biciye mu co yise « gusubira inyuma mu gufata ingingo».

Yasigura ko umuntu akwiye kubanza gusubiza amaso inyuma, agasuzuma imvo z'ingorane z'ishirahamwe, hanyuma agakoresha ivyo yamenye kugira abandanye atera imbere.

Ivyo bisigura ko Amazon ibanza kwiyumvira ico abakiriya bayo bashaka, hanyuma igakora ibishoboka vyose kugira baronke ico bakeneye.

Jeff Bezos

Ahavuye isanamu, Reuters

4. Buri musi ni intango nshasha

Muri buri cegeranyo c'umwaka Amazon isohora, hama harimwo igopi y'ikete rya mbere iryo shirahamwe ryandikiye abanyamitahe baryo.

Ubutumwa buri muri iryo kete bushimika ku kamaro ko kubona buri musi nk'aho ari « umusi wa mbere » w'ubuzima bw'ishirahamwe. Ivyo bisaba kuguma ufise umutima wo guhingura utuntu dushasha no kurondera gutsimbataza ibikorwa vy'ubudandaji.

Bezos yaragarutse kenshi kuri ico ciyumviro.

Yagize ati: « Igihambaye ni ukubona ko ishirahamwe risa n'iryavutse uwo musi nyene, kandi ko imishinge yaryo ari yo ikiriko irashirwaho.»

5. Gira umutima wo kurinda kurusha abantu benshi

Mu gihe ikoreshwa rya internet ryariko ririyongera n'ingoga cane mu mwaka wa 2000, kandi kazoza k'ishirahamwe kari mu kaga, Bezos yarafashe ingingo ikomeye yo kwugururira Amazon abanyamitahe bo hanze.

Yari ingingo isaba umutima wo kurinda kandi ihambaye cane, ariko yahavuye itanga umwimbu mwiza.

Ariko, igisata c'amaterefone ngendanwa ni kimwe mu vyo atashoboye gutsimbataramwo neza.

N'aho biri uko, Bezos yari afise icizere gikomeye ku ntumbero y'ishirahamwe no ku bushobozi bwo gufata ingingo zigoye.

Kandi ntibitangaje kubona rimwe na rimwe ahagarika imigambi imwe, agatangura iyindi, akoresheje ivyigwa yakuye mu vyo yagiye aracamwo.

John Rosman, yahoze ari umwe mu bayobozi ba Amazon akaba n'umwanditsi w'igitabu The Amazon Way, yavuze ko Jeff Bezos « adashobora gufata ingingo atazi iyo ashaka gushika canke uburyo azohashika », atanga akarorero k'ubuhinga bwa Alexa.

Amazon

Ahavuye isanamu, Getty Images

6. Kunanirwa biri mu nzira ishikana ku ntsinzi

Iyo migambi yanse ntiyerekanye gusa ubushobozi bwa Bezos bwo kwakira ukunanirwa, ariko kandi yarerekanye umwiyemezo wiwe wo kubandanya agerageza n'aho yaba atashitse ku co yipfuza.

7. Ntutinye kugerageza

Kudatinya kunanirwa bisigura kandi kuticuza kuba waragerageje.

Bezos yarasiguye neza ico ciyumviro mu kiganiro yagiranye na Matthias Döpfner, umuyobozi mukuru w'ishirahamwe ry'ibinyamakuru Axel Springer.

Yagize ati: « Iyo wiyumviriye ibintu uzokwicuza ugeze ku myaka 80, akenshi usanga ari ivyo utigeze ukora. Ni gake umuntu yicuza ikintu yakoze ariko ntigikunde canke kikamunanira. »

8. Hinyanyura neza iciyumviro cawe

Umwanditsi Brad Stone avuga ko umuyobozi mukuru wa Amazon atemera demokarasi iyo hageze gufata ingingo zikomeye mu nama z'abayobozi b'ishirahamwe.

Ariko Bezos abona kandi ko ari ngirakamaro ko abantu bahanahana ivyiyumviro ata co bahishanya kandi ata co batinya.

John Rosman avuga ko muri ivyo, Amazon itandukanye n'ayandi mashirahamwe akorera mu gisata kimwe na yo.

9. Gereranya ubushobozi bwawe n'ubw'abo muhanganye.

Bezos yabwirijwe guhangana n'ihiganwa rikomeye ry'ayandi mashirahamwe y'ubuhinga bwa none. Brad Stone yatanze akarorero k'ubuhinga bwa Alexa.

Igihe Apple yahingura Siri, Google na yo yari ifise ubushobozi bwo guhingura ubuhinga bukoresha ijwi, bushobora gusigurira abantu ibintu bitandukanye no gukora ibikorwa bitari bike.

Yagize ati: « Amazon yari isanzwe ari ishirahamwe rinini kandi riri mu ya mbere mu bijanye n'ubuhinga bwa none. Ariko Jeff Bezos yarakurikiraniye hafi umugambi wa Alexa, watumye haboneka ubuzi 10.000, kuko atashaka kurekera ayandi mashirahamwe ngo abe ari yo atera imbere muri ico gihe. »

10. Tegura kazoza

Umugabo yifashe ku gasakananwa asa n’uwiyumvira

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ugutegekanya ivy'igihe kirekire kwaragize uruhara ruhambaye mu ntsinzi ya Bezos na Amazon.

John Rosman yavuze ko Bezos « afise umwiyemezo n'ukwihangana bihagije ku buryo ashobora kurindira imyaka 10 imbere yo kuronka inyungu, kandi akaba yiyemeje gushitsa imigambi ategekanya gukora muri kazoza ».