RD Congo: Ububirigi bwateye ivyatsi umuhari FRN witwaje ibirwanisho urongowe na Joseph Kabila

Ahavuye isanamu, prevot.belgium.be/fr
Ububirigi buriyamiriza umuhari mushasha wa politike na gisirikare FRN ( Front pour la Refondation de la Nation) uherutse gushingwa muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) ukaba urongowe na Joseph Kabila yahoze aramutswa ico gihugu.
Mw'ijambo yashikirije ku wa gatatu imbere y'umurwi w'abashingamateka ujejwe ibibazo vy'imigenderanire, umushikiranganji w'imigenderanire w'Ububirigi, Maxime Prévot, yavuze ko "bibabaje cane" kubona umuntu yahoze arongoye igihugu akaba na we nyene muri ico gihe yarahuye n'ingaruka z'imirwi yitwaje ibirwanisho ahitamwo "kuba indongozi y'umurwi wa politike na gisirikare urondera gushika ku butegetsi ukoresheje ibirwanisho".
Ku wa 12 Gitugutu (10) 2026, ni ho Joseph Kabila yatangazwa icese ko ari we aramutswa FRN nkuko bigaragara mw'itangazo ryasomewe mu gisagara ca Goma, mu buseruko bwa RDC. Iryo tangazo rivuga ko abashinze uwo muhari bafise intumbero yo "kubohora" igihugu.
Ubutegetsi bwa Kinshasa bwari busanzwe bwagiriza Urwanda ko ari rwo rwari rufatiye umuriro AFC/M23. Uru runani rwari rumaze imyaka yababa itanu rurwanira mu buseruko bw'ico gihugu, ivyo n'abahinga ba ONU hamwe n'ibihugu nka Amerika bagiye bemeza.
Kinshasa yari imaze igihe kandi yagiriza Joseph Kabila ko afitaniye imigenderanire n'urwo runani rwigaruriye n'uburere butandukanye muri Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo, harimwo ibisagara vya Goma na Bukavu, mbere ikanamwagiriza kuba umwe mu barushigikira.
Yaba Kabila canke Urwanda, bagumye bamirira kure ivyo bagirizwa.
Ariko ikigaragara ni uko mu bagize urwego nyobozi rwa FRN harimwo abahora mu nzego za AFC/M23. Kandi, kuva havutse FRN, urwo runani ubu ntirukibaho.
Avuga kw'ivuka ry'uwo muhari wa politike kandi witwaje ibirwanisho, Maxime Prévot yagize ati: "Ni intambwe nshasha iteye impungenge nyinshi, kandi ndayiyamiriza nivuye inyuma".
Abandanya ati: "Ni ikintu kibabaje, kitumvikana kandi kidakwiye kwihanganirwa".
Ni ubwa mbere Ububirigi, igihugu cakoronije RDC, bugize ico bushikiriza ku mugaragaro kw'ivuka ry'umuhari FRN.
Ku bwa Prévot, nta n'umwe yovuga ko ariko akora ku nyungu z'abanyagihugu arinze guca mu nzira y'intambara nk'uburyo bw'ibikorwa vya poritike, akanatera inzego z'igihugu ciwe.
Ashimangira ko iyo nzira iteye kubiri n'amategeko kandi ko idashobora gushikana na gato kw'ituze, ku mahoro no kuri demokarasi.
"Uwuyifashe azotegerezwa kwemanga ingaruka zayo", ni ko avuga.
Umushikiranganji w'imigenderanire w'Ububirigi amenyesha ko igihugu ciwe camye gishigikiye inzira y'ibiganiro no kurondera umuti biciye mu nzira z'amahoro. Ku bwiwe, nta muti urama ushobora kuboneka biciye mu ntambara.
Yamara, ivuka rya FRN ryatumye hongerekana amakenga ko intambara ishobora kurushiriza gukara mu buseruko bwa RDC, mbere bamwe n'abandi ubu bibaza kuri kazoza k'ibiganiro vyari bimaze igihe bihuza Kinshasa n'urunani AFC/M23 rutakibaho.
Abahinga batandukanye babona ko FRN, mu gisa no kugerageza kwerekana ko ifise inguvu, ishobora kuvyura intambara ikigarurira n'uburere bwiyongera ku bwari bwafashwe na AFC/M23.
Maxime Prévot atewe umutima uhagaze n'uko, mu gihe intambara yokwiyongera, ibintu vyokwunyuka rwose, amahano n'umubabaro ku banyagihugu bikiyongera.
Ati: "Ivyo bitegerezwa guhagarara".
Ububirigi busaba impande zose kuguma mu nzira y'ibiganiro. Bubona ko ari yo yonyene ibereye kandi ishika.














